ABO TURIBO

  1. ABO TURIBO:

Twebwe Abarundi tuba muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, m’ubudasa bwacu, 

  • Twihweje ingene tuba mu ntara zitandukanye hano muri Leta zunze ubumwe za Amerika;
  • Twihweje kahise ka basogokuru bacu ko gufashanya aho hambere;
  • Twihweje Ingene twatabarana mubihe bigoye muri kahise kacu;
  • Twihweje ibibazo vy’ururimi, vy’indero, vy’ubutungane, vy’isambuka z’Ingo, vy’Ubukene, vy’akazi, vy’urwaruka, vy’ubukunzi bw’inda, vy’amadini, vy’itituka ry’imicokama yacu, Abarundi duhura navyo hano Muri Leta zunze ubumwe za Amerika;
  • Twihweje ihohoterwa rigirirwa Imiryango yacu n’abana bacu;
  • Twihweje ibibazo vy’indwara n’impfu zikunda kudushikira;
  • Twihweje Ingene abana bacu bakura batazinanye mu ntumbero yo gutegura neza kazoza kabo;
  • Turavye ingene Abandi banyamahanga bateye imbere kubera gusenyera ku mugozi umwe;
  • Turavye ingene ukujahamwe bifise akamaro kanini cane mu buzima butandukanye bw’Umuntu;
  • Mu ntumbero yo gutsimbataza ubumwe no gufashanya hagati yacu;
  • Mu ntumbero yo gukomeza umubano mwiza hagati yacu n’abandi bose baba muri Leta zunze ubumwe za Amerika;
  • Mu ntumbero yo gutegura neza kazoza k’abana bacu n’abuzukuru n’abuzukuruza bavukiye hano muri Amerika;
  • Mu ntumbero yo gutsimbataza inyigisho ndundi;
  • Muntumbero yo kwegeraniriza mu mirwi Abarundi bari muri Amerika hisunzwe umwe wese ico akora canke ashoboye, nk’akarorero gushiraho urunani rw’abadandaza (abikorera utwabo) baba muri Amerika,
  • Urunani rw’abaririmvyi baba muri Amerika,
  • Umwigeme mwiza kandi afise ubwenge n’ubukerebutsi muri Amerika (Miss Burundi-USA),
  • Urunani rw’abaririmvyi bakorera muri Amerika, Urunani rw’urwaruka rw’Uburundi ruba muri Amerika, Urunani rw’abakenyezi b’abarundi bari muri Amerika, n’ibindi tutiriwe turadondagura;
  • Tumaze kuja Inama n’Ingingo haba hagati y’abarundi barongoye amashirahamwe, urwaruka, imirwi n’amasengero atandukanye;
  • Twiyemeje kugira urunani rw’Intamenwa mu ntumbero yo gufashanya, yogushigikirana, yo guteza imbere imiryango yacu, igihugu turimwo, tutibagiye n’Igihugu ca twibarutse mugihe bibaye ngombwa.Urunani rushinzwe ni ishirahamwe ryitwa DICOBU“DEVELOPMENT,INITIATIVES AND COORPORATIONS OF BURUNDIANS IN USA.” Turi abarundi baba muri Amerika baharanira Iterambere, Ibikorwa n’Ugufashanya.

 

  1. ICIVUGO CA DICOBU:

 “DICOBU turi kukivi kuko ahari ishaka harashika”

“Iyombona n’iyo ubona? Inzira idushikana ni DICOBU”

“Ego Birashoboka”

  

  • INTUMBERO
  • Gushirahamwe abarundi bari muri Leta zunze Ubumwe za Amerika mu ntumbero yokwiteza imbere, guteza imbere imiryango yabo, igihugu barimwo n’igihugu cabibarutse, igihugu ca basokuru, Uburundi;
  • Kurwanya no kwamirira kure ico cose coza gitandukanya abarundi bari muri Leta zunze Ubumwe za Amerika;
  • Gukora ibishoboka vyose ngo abarundi bishirireho indongozi zemewe kandi zitorewe na bose kugirango ntihagire abaguma biyitirira igikorwa cokubaserukira;
  • Gushira inguvu hamwe mu bisata vyose kugira umurundi atere intambwe yongere ategure kazoza k’abana babo;
  • Gutsimbataza umuco n ‘Indero ndundi;
  • Kwunga ubumwe mu ntumbero yogukorera hamwe no kudasigana mw’iterambere;
  • Guharanira iterambere mugushira hamwe abarwizatunga n’abandi bose bafise impano kugira izo nguvu zabo tuzivyaze umusaruro mukwiteza imbere.
  1. IKIBANZA (IBIRO VYA DICOBU)

 

  • Icicaro gikuru (Ibiro bikuru) c’ishirahamwe DICOBU kiri muri reta zunze ubumwe za Amerika muri Phoenix, Arizona.

Mailing address: 9963 W MONTEROSA AVE PHOENIX AZ 85037

Physical address(Office address): 4136 N 75TH AVE SUITE 208 PHOENIX AZ 85033

Telephone: 480-942-6041 ; 480-278-2047 ;

E-mail: dicobu2021@gmail.com

Tweeter : @dicobu2022

Facebook : DICOBU

Youtube : DICOBU TV

  • Ishirahamwe DICOBU rirafise kandi ibiro vyaryo Mu ntara zitandukanye zigize America. DICOBU rirashobora kugira ibiro vyinshi ahatandukanye mugihe cose bikenewe.
  • Icicaro gikuru c’ishirahamwe DICOBU kirashobora kwimurirwa ahandi mugihe  inama kaminuza ivyemeje canke mugihe urwego rukuru sahwanya muri  DICOBU rwemeje ko icicaro gikuru cimurwa.
  1. IMIGAMBI YA DICOBU

Imigambi ya DICOBU  ni myinshi cane gose ariko imikuru mikuru n’iyi:

  • Guhuza abarundi bose baba muri Leta zunze ubumwe za Amerika no gufasha gutorera umuti ibibazo bibahanze;
  • Kwegeranya abarwizatunga b’Abarundi bose baba muri Leta zunze ubumwe za Amerika;
  • Gukoranya abarundi bose canke abarundi barongoye abandi mu ntara zitandukanye mugihe bikenewe;
  • Guserukira abarundi benshi baba muri Leta zunze ubumwe za Amerika mu nama zihuza abarundi canke abanyamahanga k’urwego mpuzamakungu;
  • Gufasha gukomeza imigenderanire hagati y’abarundi n’abanyamerika hamwe n’ayandi mashirahamwe;
  • Gufasha abarundi bagize ivyago canke impanuka;
  • Gufasha abarundi bashasha kumenyera ubuzima bwa Amerika;
  • Guhimiriza urwaruka kwijukira amashure;
  • Gushira ahabona no kumenyekanisha ibikorwa vyiza bikorwa n’abarundi baba muri Leta zunze ubumwe za Amerika;
  • Kumenyekanisha Ubwiza bw’Uburundi (Umuco n’akaranga) biciye mu mahiganwa atandukanye;
  • Gufasha abarundi kumenyekanisha ibikorwa canke urudandazwa rwabo;
  • Guhuza abanyamitahe;
  • Guterera mw’iterambere ry’abenegihugu canke ry’igihugu twatayemwo uruzogi;
  • Gufashanya mu bibazo bitandukanye, na cane cane ibibazo vy’impfu;
  • Kwitaho abari mu munyororo n’abari mubitaro;
  • N’ibindi bitiriwe biravugwa, bishorora kuja mungiro mugihe vyemejwe n’inama kaminuza canke Indongozi. 
  1. AKARANGA MUTIMA K’UMUNYWANYI:
  • Umunywanyi wa DICOBU ni urumuri rw’abarundi aho ari hose, na cane cane muri USA, mumvugo no mu ngiro;
  • Umunywanyi wa DICOBU agendera urukundo, ubumwe, ibikorwa, ukuri n’ubutungane;
  • Umunywanyi wa DICOBU yitera mu ziko mugenziwe, akamufasha mu bimugoye akongera akamwitangira atarinze gusaba impera;
  • Umunywanyi wa DICOBU aririnda akongera akarwanya insaku aho zoturuka hose,
  • Umunywanyi wa DICOBU agendera indero n’ubuntu, azira uburyarya, agakunda gutanga akanka kwama ateze amashi, kandi akarya ivyo yabiriye akuya.
  • Umunywanyi wa DICOBU ni umwansi w’ubunebwe, agwiza ibikorwa akavuga make naho nyene mugihe bikenewe;
  • Umunywanyi wa DICOBU ni urumuri mu nyifato y’intwaro rusangi, yamirira kure amabi yose akaba uwambere mukurwanya igiturire.
  • AKARUSHO K’UMUNYWANYI
  • Muri DICOBU, kuba umunywanyi waryo bifise akamaro n’agaciro kanini cane.  Ntako DICOBU ritagira kugira ngo umunywanyi waryo yitabweho, agire amahoro, atunge atunganirwe mu biwe. 
  • Muri DICOBU ikiza imbere ya vyose ni abanywanyi baryo hamwe n’Abarundi bose muri rusangi.
  • Umunywanyi wa DICOBU arafise uburenganzira bwo gukorana n’abandi banywanyi imigambi yobateza imbere bo nyene ubwabo canke abarundi bose (Gushira hamwe imitahe kugira bakore umugambi kanaka Ubateza imbere).
  • Umunywanyi wese wa DICOBU amaze umwaka mw’ishirahamwe, ahejeje igice ca mbere c’amashure ya kaminuza (Bachelor degree) azoronswa $500 y’agashimwe kuko azoba yiteye iteka akaritera na DICOBU.
  • Umunywanyi wa DICOBU wese yitavye Imana, ategerezwa gushinguranwa iteka ridasanzwe. Ashingurwa n’abanywanyi hamwe n’incuti n’abagenzi basigaye.
  • Ng’uku Ingene gufashanya bigenda: 

-Abitavye Imana barenza imyaka itanu (5) y’amavuka, bakaba bamaze amezi atandatu canke arenga muri DICOBU, bakaba baratanze intererano yabo uko bisabwa n’amategeko, akaba ata kwezi na kumwe bari baheranye kandi bakaba bafasha mugutanga agatererano ko gufubana iteka abandi banywanyi baba bitavye Imana,  abasigwa b’abo bahisi bazohabwa ubufasha bungana n’amadorari ibihumbi cumi ($10.000).

-Umunywanyi mushasha ataramara igihe yinjiye, mu gihe azoba ataramara amezi atandatu azoronswa imfashanyo y’amadorari ibihumbi bitatu n’amajana atanu ($3.500). Iyo mfashanyo izoba ingana uko nyene kuwukuze canke umwana, batarakwiza  amezi atandatu muri DICOBU.

-Umuvyeyi azogira ingorane zo gukorora imbanyi, akaba ari umunywanyi wa DICOBU, imbanyi ikaba imaze amezi atanu kuduga, azofashishwa amadorari ibihumbi bibiri n’amajana atanu           ($2.500) mu gihe habayeho ishingurwa ry’ico kibondo. Mugihe atashingurwa ribaye, ayo mahera ntazoyaronswa.

-Umwana w’umunywanyi wa DICOBU amaze imyaka itanu y’amavuko kumanuka, abavyeyi biwe bakaba bamaze amezi atandatu canke arenga muri DICOBU, mugihe  yitavye Imana, abavyeyi biwe bazofashishwa amadorari ibihumbi bitanu ($5.000). Abandi bana bose barenza imyaka itanu y’amavuka, bazofatwa co kimwe n’abantu bakuze maze bafashishwe ibihumbi cumi vy’amadorari ($10.000) mugihe bari bamaze amezi atandatu kuduga bari muri DICOBU.

-Umunywanyi azoba aheranye n’ukwezi na kumwe, akitaba Imana agiheranye, nta mfashanyo abasigwa bazoronka ($10.000, $5.000, $3.500, $2.500).

  • IBISATA NKORA MUTIMA MURI DICOBU
  • Igisata c’Urwaruka n’Inkino
  • Igisata c’Imico n’akaranga
  • Igisata c’Indero n’Inyigisho
  • Igisata c’abana , abakenyezi, impfuvyi, abapfakazi na bantahonikora
  • Igisata c’Imigambi y’Iterambere rya DICOBU
  • Igisata c’imibano , gushigikirana no gutabarana
  • Igisata co guhanahana amakuru no gukomeza Imigenderanire ya DICOBU n’ayandi mashirahamwe (n’Amakungu)
  • Igisata c’abagwiza tunga (CCBU)